(Traducció de l'homilia pronunciada a Burundi, fa tres anys. Evidentment el context és ben diferent.
                                                         Els curiosos podeu llegir el text original a continuació)
          Germans en Crist: Quan Déu va crear la persona humana i la va crear a la seva imatge, ens va mostrar l'amor amb què ens estima. Després Déu, quan va veure que nosaltres, els humans, nosaltres tot sols, no haguéssim pogut progressar suficientment, va triar una manera d'ajudar-nos. Però la manera que Déu va triar per ajudar-nos no és precisament la que nosaltres haguéssim triat. Si ens ho hagués consultat, li haguéssim aconsellat fer-ho d'una altra manera. Nosaltres no entenem, ens costa d'entendre, que una persona com nosaltres pugui esser reconeguda i acceptada com un enviat de Déu.
          Aquest home que es diu Jesús, aquell que Déu va enviar perquè fos el guia que ens mostràs el camí de la salvació, aquest Jesús, donat que hi ha deixebles seus a qui no els agrada veure'l així com era, així com es va presentar davant la gent, aquests deixebles seus durant dos mil anys han volgut esmenar-li la plana i han intentat corregir en alguns aspectes els plans de Déu i han mostrat una imatge diferent de Jesús, per fer-la més creïble a la gent.
          Mira, sinó: Jesús va néixer com una persona normal, dins una família normal i pobra, a un poblet com tants d'altres. Però entre els primers cristians, començant ja pels qui escrigueren els evangelis, alguns ja descobriren que provenia d'una família de reis i que era descendent de David, i varen escriure que va ser engendrat per obra de l'Esperit Sant i el varen revestir amb el poder de fer miracles. Quan va morir a damunt una creu, en aquell temps que la mort en creu era un signe clar que Déu l'havia condemnat i abandonat, alguns començaren a dir que era Déu mateix el qui l'havia enviat a morir en creu. El quart evangeli, el que es va escriure després dels altres tres, es va atrevir a dir que va ser damunt la creu on Jesús va rebre la glòria de Déu i que, penjat damunt la creu, era com un rei assegut en el seu trono.
          Dins la història de l'Església podem trobar molts de noms, amb què anomenam a Jesús, fins arribar a dir-li Rei. A la seva mare, per omplir-la d'honors, ja que no la volien veure com una dona normal, l'anomenaren fins i tot Reina del cel i de la terra. Però les lectures de la Paraula de Déu, que hem escoltat avui, ens han mostrat una imatge de Jesús ben diferent.
          - A la primera lectura hem vist que Jesús era com el profeta Ezequiel, una persona del camp com altres, no era ni un àngel, ni un sacerdot, ni havia estudiat a les escoles superiors, era "un fill d'home". A Jesús mateix li agradava anomenar-se a ell mateix "fill d'home", possiblement perquè no el mirassin d'una altra manera.
         - L'apòstol Pau a la segona lectura ens ha dit que tot quant va poder estudiar a les escoles superiors, tot quant va poder veure quan Jesús ressuscitat se li va aparèixer, res de tot això era per a ell un motiu d'orgull. Ell només se sentia orgullós de les seves febleses, perquè "quan som dèbil -va escriure- és quan realment em sent fort".
         - La lectura de l'Evangeli ens ha mostrat com els veïns de Natzaret no volien creure que Jesús fos un enviat de Déu quan es preguntaven: "¿D'on li ve tot això? ¿D'on li vénen aquesta saviesa i aquests miracles que fa? ¿No és el fill del fuster, el fill de Maria, germà de Jaume, Judes i Simó? ¿I les seves germanes no viuen aquí entre nosaltres?".
          També nosaltres som com els habitants de Natzaret i no volem creure que l'enviat de Déu sigui una persona humana com nosaltres, no volem creure que la salvació de Déu estigui en mans de persones com nosaltres, no volem creure que la salvació estigui en les nostres mans. Sinó que esperam, volem, fins i tot exigim veure miracles, coses extraordinàries, com són ajudes que vénguin de defora, que vénguin del cel o d'altres països. Però, amics, la salvació que Déu ens ha enviat és d'una altra manera. La salvació de Déu passa a través de Jesús, que era un home com els altres. La salvació de Déu passa a través de Jesús. Però, entenguem-ho bé: la salvació no ens ve només per la seva mort en creu. Jesús ens hagués pogut salvar encara que hagués mort a la vellesa, emportat per una malaltia. Jesús, amics, va començar a salvar-nos quan es va fer un home com nosaltres, per esser un exemple de com ens hem de comportar. La salvació, per tant, no consisteix només a creure que Jesús ens ha salvat, no és només això. La salvació també consisteix a comportar-nos així com ell es va comportar.
          Donem gràcies a Déu pel bé que ens va fer enviant-nos el seu fill, que era una persona com nosaltres. Demanem-li que ens ajudi a comprendre com és la salvació que ens ofereix, a fi que la puguem rebre. Amén.
---------------------

                                                      Insiguro yo ku musi w'Imana wa 14 wo mu mwaka B
          Bavukanyi muri Kristu: Imana mu kurema umuntu no mu kumuremana agashusho kayo yaratweretse urukundo idukunda. Hanyuma Imana ibonye ko twebwe abantu, twebwe twe nyene, tutari gushobora gutera imbere ukwacu uko bikwiye, yaciye itora uburyo bwo kudufasha mu kudukiza, kugira ngo idukuremwo intambamyi zitubuza gutera imbere. Ariko uburyo Imana yatoye bwo kudufasha, s'ubwo twebwe twari gutora. Kandi iyo yari kubiduhanuza, twari kuyihanura mu kuyibwira ko yodukiza ukundi, atari uko yabigize. Twebwe abantu ntidutegera, biratunanira gutegera, yemwe!, bikanka ko dutegera ingene umuntu ameze nkatwe yoshobora kwemerwa nk'intumwa y'Imana.
          Uyu muntu yitwa Yezu, ni we Imana yarungikiye abantu ngo ababere urumuri, ngo abereke inzira y'urukiza. Uyo Yezu, kubera ko har'abigishwa biwe batashimye kumubona ingene yari ameze, ingene yaserutse mu bantu, abo bigishwa biwe mu myaka ibihumbi bibiri kuva aho bakurikiye inyigisho ziwe, baragerageje gukosora Imana muri bimwe bimwe babonye ko vyonanira abantu kwemera ko uyu Yezu yoba ari we intumwa yayo.
          Raba, none: Yezu yaravutse ameze nk'umuntu asanzwe, mu muryango w'abantu basanzwe b'abakene, bo mi mihana isanzwe. Ariko mu bakristu ba mbere, kuva no mu banditsi b'Injili, bamwe bamwe bamwitoneshako ko yoba yavutse mu muryango w'abami, bavuga ko akomoka ku muryango wa Dawudi, umwami wa kera w'abayahudi, bakavuga ko yasamwe kubwa Mutima Mweranda, bakamwambika ububasha bwo kugira ibitangaro. Bamubonye apfuye ku musalaba, kandi urwo rupfu muri ca gihe mu bisanzwe rwari urw'abayobe bahakanywe n'Imana, bamwe batanguye kuvuga ko ari Imana yari yamutumye gupfa ku musalaba. Injili ya kane, imwe yanditswe mu nyuma z'izindi zitatu, yarubahutse no kuvuga ko ku musalaba ari ho Yezu yaronse ubuninahazwa bw'Imana, kandi ko Yezu aho yamanikwa ku musalaba yari ameze nk'umwami yicaye ku ngoma.
          Muri kahise k'Ekleziya dushobora gusanga amazina menshi twita Yezu, gushika aho tuvuga ko ari Umwami. Nyina wiwe nawe, mu kumuha icubahiro, ko banse kumubona nk'umupfasoni asanzwe, bamwise Umugabekazi w'Ijuru n'Isi. Ariko ibisomwa vy'Ijambo ry'Imana, tumaze kwumviriza uyu musi, vyatweretse Yezu ameze ukundi:
          -Yezu yari ameze nk'umuhanuzi Ezekiyeli, wo mu gisomwa ca mbere, yari umunyamihana mu bandi, s'umumalayika, s'umusaserdoti, s'uwize mu mashule makuru, yari "umwana w'umuntu". Yezu nawe yakunda kwiyita we nyene "mwana w'umuntu", kugira ngo ntibamurabe ukundi.
          -Umutumwa Paulo mu gisomwa ca kabiri yatubwiye ko ivyo vyose we nyene yashoboye kwiga mu mashule makuru, ivyo yashoboye kubona igihe Yezu yazutse yamubonekeye, ivyo ntivyashobora kumutuma kwihayagiza. Arihayagiza gusa mu magara make yiwe, kugira ngo ubukomezi bwa Kristu bumugereremwo.
          -Igisomwa c'Inkuru Nziza naco catweretse ingene ababanyi bo mu gisagara ca Nazareti banse kwemera ko Yezu yoba ari intumwa y'Imana, mu kwibaza bati: "Mbega, ivyo yabimenye ate? Ubwo bwenge yabukuye hehe? Ivyo bitangaro vyo akora abishobora ate? None, si wa mubaji, mwene Mariya, mwenewabo na Yakobo na Yozefu na Yuda be na Simoni? Bashikibe bo ntibari aha muri twebwe? Maze banka kumwemera".
          Na twebwe tumeze nk'abanyanazareti: ntitwemera intumwa y'Imana imeze nka twebwe, ntitwemera ko urukiza rw'Imana ruca mu bantu basa natwe, ntitwemera ko urukiza ruzova mu maboko yacu. Turorereye riho, dushaka, twaka mbere kubona ibitangaro, turorera ibintu vy'agatangaza, nk'imfashanyo zivuye ahandi, zivuye mw'ijuru canke zivuye mu mahanga. Ariko Imana, bagenzi, urukiza yaturungikiye rumeze ukundi. Urukiza rw'Imana ruca kuri Yezu, ari umuntu asa n'abandi. Urukiza rw'Imana ruca kuri Yezu. Ariko tubitegere neza: ikidukiza s'uko yoba yaradupfiriye ku musalaba gusa. Yari no kudukiza n'aho yoba yahwereye ashaje yishwe n'indwara. Yezu, bagenzi, yatanguye kudukiza mu kwigira umuntu, asa natwe, akatubera akarorero k'ingene twokwigenza. Ikizodukiza, rero, s'ukwemera gusa ko Yezu yadukijije, eka. Ikizodukiza ni uko twokwigenza nkuko Yezu yigenjeje.
          Dukengurukire Imana ku vyiza yatugiriye mu kuturungikira umwana wayo ameze nkatwe. Tuyisabe ngo idufashe gutegera urukiza yadushikirije ingene rumeze, dushobore kururonka. Amen.